Scroll to Top

Aquavie Liquids nayo yiyemeje gufata mu mugongo intamba z’abatarenza imyaka 17.

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 24 Mar 2018 13:48 PM / /
FOTO FBB- BURUNDI

Kuri uno wa gatandatu ( 24/3/2018) , Ishirahamwe rihingura amazi rikongera rikanayadandaza Aquavie Liquids, ryashize umukono ku masezerano y’ugufashanya n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi.

Mu birori vyatewe iteka n’abarongoye ayo mashirahamwe yose uko ari abiri, ku ruhande rwa Aquavie Liquids rikaba ryatanze amacupa y’amazi angana 1200, azokora mw’ihiganwa rya CECAFA y’abatarenza imyaka 17, rigiye kubera hano mu Burundi mu kwezi kwa Ndamukiza buca dutangura.

Ishirahamwe rya Aquavie Liquids rikaba rije rikurikira Modern Dairy Burundi naryo kuva ku munsi wa gatandatu w’indwi iheze ryari ryemeje icese ndetse ribishira mu ngiro ko rigiye gutanga amata azofasha abakinyi b’intamba mu rugamba ( U17) mu kiringo cose bazoba bariko barakora imyimenyerezo gushika mu kwezi¬† kwa Myandagaro aho bazokwitabira amahiganwa mu gihugu ca Tanzania.

13,721 total views, 0 views today

Add Comment