Scroll to Top

#Breaking news | Kidum ararusimvye

By KING YANN COOL / Published on Monday, 26 Mar 2018 14:24 PM / /

Imana yakinze, Kidum yariye isumu ariko abagenzi biwe bamusimbana kwa Muganga.


Nimbona jean Pierre benshi bazi nka Kidum ararusimvye, Akaba yikeka ko ashobora kuba yari ahawe isumu. Ivyo akaba ahejeje kubishikiriza Ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Mu majambo make Kidum akaba yanditse amenyesha ko abagenzi biwe aribo bamusimbanye kwa Muganga.

Mu rurimi rw’icongereza Kidum akaba yamenyesheje ko uwoba ariko arashaka kumugandagura yoba ashaka kugandagura inzirakarengane.

Inyuma y’aho akaba kandi yasubiriye kumenyesha ko atwikiriwe n’amaraso y’umukiza yezu. Ngo nka hamwe aramutse apfuye abansi biwe ntibibaze ko bazoba batsinze kuko ba Kidum 1000 bazoza ngo babandanye igikorwa ciwe.

Sponsored

Ivyo bikaba bibonetse Ku rubuga rwa Facebook rwa Kidum isaha zitatu z’ijoro zo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 26/3.

Mwokwibuka ko umuhisi Christophe Matata nawe nyene yitabiye Imana mu gihugu ca Afrika y’epfo biturutse kw’isumu nawe yahawe.

8,705 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment