Scroll to Top

Ireresi yataziriwe “Anitha” ngo igiye gushirwa ahabona mu kwezi kuza

By La Rédaction / Published on Wednesday, 28 Mar 2018 01:38 AM / /

Ireresi yataziriwe “Anitha” ngo izoshirwa ahabona mu kwezi kuza kwa Ntwarante buca dutangura nk’uko bishikirizwa na bamwe mu bagize umugwi Sky Films Burundi mu ntara ya Muyinga.

Umugwi usanzwe ukina amareresi hamwe n’udukino dutwenza “Sky Films Burundi” wo mu ntara ya Rumonge umenyesha abakunzi b’ibikorwa vyabo ko uriko urabategurira akantu k’umutse kitezwe kuzosohorwa mu kwezi kuza kwa Ntwarante ako nako akaba atari akandi akaba ari ireresi izoza itavyorosha yataziriwe “Anitha”.

Iyo reresi ikaba iciye itanga gusohoka iyindi yari gusohoka mu misi iheze yari yiswe “Mami Wata” bitakunze ko isohorwa ku mvo z’uko amasanamu yayo ngo yafuswe n’abantu batashoboye kumenyekana akiri mu nyabwonko ivyo bituma bacika intege, bakaba basaba imbabazi abakunzi b’ibikorwa vyabo ko bobandanya batenyenya gato ikabanza igasubirwamwo ubushasha.

3,679 total views, 0 views today

Add Comment