Scroll to Top

Diaspora| “Mkono Mtupu” niryo zina ry’ireresi John K-ay agiye gukinana n’aba Tanzaniya

By Janvier Nzokurigomba / Published on Thursday, 29 Mar 2018 03:27 AM / /

Umukinyi w’amareresi akongera akaba Producer na Director John K-ay yaraye ashitse mu gihugu yakuriyemwo arico Tanzaniya aho yakiriwe n’abantu isinzi bagizwe n’abakinyi b’amareresi, abamenyeshamakuru n’abandi.

John K-ay akaba yafashe indege agana muri ico gihugu yakuriyemwo avuye muri Australia aho asanzwe aba kuva avuye muri Tanzaniya ndetse akaba yaranaharose ubwenegihugu.

Ihangiro nyamukuru yamusubije muri ico gihugu ca Tanzaniya nk’uko yabituganiriye akaba ari ukuja gukorana ireresi n’abakinyi b’amareresi bo muri ico gihugu, iyo nayo ikaba izoba yitwa “Mkono Mtupu”.

Twobibutsa ko John K-ay ariwe Jean Marie Ndayishimiye ku mazina yiwe nyakuri yavukiye mu Burundi inyuma y’aho abavyeyi biwe bamuhungishirije agashikira mu gihugu ca Tanzaniya akaba yahavuye agira amahirwe y’ukwungururizwa mu gihugu ca Australia abifashijwemwo n’ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR abandanirizaho amashule yisumbuye abifadikanije n’ugukina amareresi hamwe n’ukuririmba, akaba amaze gusohora amareresi atari make nka “Nothing is Impossible, Restoring Hope, Silent Sufferers, Irreversible Choices, hamwe na cop’s enemy” aheruka gukinanan n’umunya Ghana Van Vicker.

3,931 total views, 0 views today

Add Comment