Scroll to Top

Ishirahamwe RHM ryagarukiye ku batwa bo mu Gitaramuka

By Julien Barinzigo / Published on Thursday, 29 Mar 2018 10:12 AM / /

Ibiro 138 vy’ibiharage, ibikwembe 56 , inkwavu 30, ibiro 157 vy’umuceri n’amasabuni 1120 nivyo ishirahamwe Reconciliation Hope Ministry (RHM) ryashikirije imiryango 56 y’abatwa bo ku mutumba Gitaramuka muri Zone Kanyosha, Komine Muha kuru uyu wa kane igenekerezo rya 29 ntwarante.

Mu ntumbero yo kubafasha guhimbaza umusi mukuru wahariwe abakenyezi, umutambukanyi w’umukuru w’inama nkenguzamateka ,umupfasoni  Christine Ndayishimiye asanzwe ari umunyamabanga w’ishirahamwe RHM arikumwe n’umushikiranganji w’indereo , Janvière Ndirahisha bahagatiwe n’abamwe mu bagize ishirahamwe Reconciliation Hope Ministry barashikirije imfashanyo imiryango y’abatwa yo ku mutumba Gitaramuka, Zone Kanyosha yo muri Komine Muha mu gisagara , imwe mumakomine agize igisagara ca Bujumbura.

Mw’ijambo ryiwe umushikiranganji Nanvière Ndirahisha yasavye abanyeshure kuguma ku kivi naho boba babona ko bitoroshe kuko ngo ”ni ukwemera kubabara hanyuma ukaza kunezeregwa  ibivuye mu gikorwa wabiriye akuya”.

Umutambukanyi w’umukuru w’inama nkenguzamateka,Christine Ndayishimiye yemereye abatwa bo mu Gitaramuka ko ishirahamwe arimwo ryaramutse ribagendera rizoshitsa  akamo bariteye aho badashobora kwishikira aho ni mu gihe uwaserukiye abo batwa, umukenyezi  Baragasika Jesca yavuze ko abana babo bize mugabo atakazi bafise.”Natwe turi abantu nimutwiteho nk’abandi, ntituri ibikoko  turi abantu nk’abandi”.Yahavuye yunganirwa n’umukenguzamateka Bambanze Vital mu gukenguruka aho yibukije  abakenyezi bo mwishirahamwe RHM ko bokwibutsa abashingantahe babo bakaraba ko muri vya bitigiri 30 harimwo abatwakazi.”Abapfasoni nimwebwe muvugana n’abashingantahe bafata ingingo…..mubabwire muri vya bice 30 kw’ijana bibuke gushiramwo abatwa”.

Baragasika Jesca yasavye ko bafashwa nkuko abandi barundi bafashwa kandi Reta ikabatumira mu mahiganwa kuko ngo bopfuma nabo bahiganishwa inkono.

Imiryango 56 niyo yari yatowe n’abahinga b’ishirahamwe Reconciliation Hope Ministry(RHM) ngo ironke ifashanyo igizwe n’ibiharage, umuceri, udukwavu, ibitenge n’amasabani.

Ishirahamwe Reconciliation Hope Minitry (RHM)ryemewe ku mugaragaro  igenekerezo ry’ 13 mukakaro mu mwaka w’2015 rikaba ryiyemeje kumviriza abantu , kuganira no gusangira nabo kugira hagaruke ugusubizahamwe.

7,995 total views, 0 views today

Add Comment