Scroll to Top

Basket Ball: Inkino z’igikombe co kugurura ihiganwa muri ACEBAB.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 01 Apr 2018 10:17 AM / /

 

Mu mpera z’ino ndwi turiko turaranguza, ishirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball hano mu gisagara ca Bujumbura, ryaratunganije inkino z’igikombe  c ‘ukugurura ihiganwa ry’umwaka w’2018.

Inkino zakinywe kuva ku munsi wa gatandatu, mu bigeme no mu basore . Imigwi umunani  mu basore: Gymkana, New Stars, Urunani, Dynamo, Muzinga, Les Hippos, Kern na Mutanga United.

Mu bigeme hakaba hakinye imigwi ine gusa, ari nayo izoba igize ihiganwa muri uno mwaka: Berco Stars- Les Gazelles – Aigle Noir BBC – Rumuri BBC.

Inkino za mbere zikaba zagenze uku gukurikira:

  • Urunani  49- 47 Dynamo
  • Kern 68-  57 Muzinga
  • New Stars 83- 65 Les Hippos
  • Gymkana 74- 66 Mutanga United

Mu bakobwa inkino zagenze uku gukurikira:

Berco Stars 51-  39 Les Gazelles

Aigle Noir BBC 54- 26 Rumuri BBC

Inkino z’ukurangiza zikaba zitegekanijwe ku magenekerezo ya 7 na 8 Ndamukiza, aho hazoca hakurikira inkino za mbere z’ihiganwa muri ACEBAB.

6,367 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment