Scroll to Top

Babbi ngo kwari ukugira abarundi bamenye ko ari mwenebo

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 01 Apr 2018 16:27 PM / /

Vyabaye imbonekarimwe, Ivyo bivurwa n’iririmbwa mu rurimi rw’ikirundi na Babbi.

Mu kiyago gito yagiranye na Indundi Magazine, Babbi yamenyesheje ko akaririmbo “Mbwira” aheruka gushira ahabona kariko ahanini karabishwa Ku barundi.

Ako karirimbo ngo kakozwe kugira abeshuze abibaza ko atari umurundi, ivyahora vyibazwa kubera uturirimbo dutandukanye yasohora twaba turi mu rurimi rw’igiswahiri cane.

Tumubajije uko abandi bakiriye ako karirimbo, akaba yamenyesheje ko bakakiriye neza ariko ikibazo ari ururimi rudatahurwa na Bose.

Babbi akaba yanamenyesheje ko amasanamu y’ako karirimbo agiye gushirwa ahabona kuko ariko akora ibishoboka ngo bikunde.

Ako karirimbo kakorewe muri Tanzania kakaba gashizwe ahabona inyuma y’imisi uwo muririmvyi asa n’uwuri mu gacerere.

6,872 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment