Scroll to Top

Kayanza: Abashomeri bagiye gushigikirwa n’abarimyi borozi

By Julien Barinzigo / Published on Monday, 02 Apr 2018 08:14 AM / /
Umurimyi mworozi Karori Mbonankira

Abashomeri basabwa kwiyungunganya bakaja mu mirwi iri gutatu bivanye n’uburyo bashoboye kuronka kugira bashigikirwa na Koperative CPSB y’abarimyi borozi ifise icicaro mu ntara ya Kayanza.

Karori Mbonankira ati: ‘’Turateyakamorero abipfuza kujahamwe n’abandi kuko nyamwigendako ntasarurira impeshi. Uwinjira asabwa uca uja mumurwi ugomba.Umurwi wambere ni umutahe ni amafaranga ibihumbi amajana umunani (800.0000) ushobora kuyatanga urumwe canke muri igitigiri ca benshi naho mwoba ijana canke rirenga ariko haseruka umwe aserukiye uwomurwi. Umurwi ugira kabiri umutahe ugizwe n’amafaranga ibihumbi icumi (10.000) ku muntu umwe. Umurwi wa gatatu nawo ni igihumbi (1000) c’amafaranga y’amarundi  ku ndwi.’’

Ayo mafaranga ushobora kuyakorera muri koperative CPSB habaharibikorwa kuva kuwambere kugeza ku wagatanu.

Karori Mbonankira amenyesha ko izontererano zikora ibikorwa bijanye n’uburimyi n’ubworozi mu gihe ikoperative CPSB ibaronsa ahokurima ku buntu ikanabafasha kubaronderera imbuto zirobanuye no kubereka ukobarima kijambere.

Si ubwa mbere Koperative SPSB ikora bene ico gikorwa co gusahiriza abashomeri. Karori aravyemeza : ‘’Twarabigize twabonye bishoboka. Umugwi wambere abantu bagiyehamwe bakoresheje umutahe w’ibihumbi amajana ane ( 400.000). Umuntu yarayazana ku giti ciwe ari umwe canke bakajahamwe ari benshi bagaca batora uwubaserukira. Ababikoze batanguye ari imitahe 8 ubu baramaze gusarura umwimbu bavuye ku mutahe w’ibihumbi amajana ane (400.000) bageze ku mafaranga ibihumbi amajana atandatu na mirongo icenda 690000 kuri gice c’uburimyi kimwe’’.

Umurimyi Karori Mbonankira avuga ko umutahe amaze gushira mu burimyi n’ubworozi wababa imiriyoni amajana atanu z’amafaranga y’amarundi( 500.000.000) .Isi ndimwa arangurirako uburimyi ingana n’ihegitari 138 .

 

 

2,576 total views, 0 views today

Add Comment