Scroll to Top

Amajambo ya Sat-b kuri Facebook yakije umuriro muba Fans

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 03 Apr 2018 10:55 AM / /

Sat-b ntabonwa kumwe n’abamukurikirana kuri Facebook kubera amajambo yashikirije amenyesha ko yaguze imodoka nshasha.

Amajambo Sat-b aheruka kwandika ku rubuga rwiwe rwa Facebook avuga ko aheruka kugira akamodoka, atari ako yahawe, katumye havyuka impari hagati y’aba fans biwe n’abandi basa n’abatamushigikiye cane.

“Ba Boss banj murakoze kuri aka kantu ndabikesha mwebwe ….
ntawakamponze n’ako nakoreye Gato Rwanje
Sijahongwa jasho langu”

Mu bagize ico bashikiriza kuri urwo rubuga rwa Facebook, babwiye Sat-b ko yarakwiye kwitwara neza akareka kugiriranira ama Beef na bagenziwe, bamwe bo bakaba batunga urutoke Big Fizzo ko ariwe ariko avuga. Ariko abandi bo bakaba bahavuye basukamwo mabisi babwira bagenzi babo ko aribo batuma haka umuriro.

Ariko naho biruko abamushigikiye bo ntibahengeshanije kumutera intege bamubwira ko yokomeza, ngo intambwe agezeko ni nziza cane.

Sat-b akaba abishikirije mu gihe aheruka kugirwa umu Ambassador wa Smart, akaba kandi anaheruka kuronka Management nshasha. Ubu ibintu bikaba biboneka ko vyifashe neza.

6,574 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment