;
Scroll to Top

#Diaspora | Miss Burundi USA 2018 yatanguye, abiyandikisha bahawe ikaze

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 04 Apr 2018 01:17 AM / No Comments / 726 views

Atagihindutse ngo igenekerezo rya 15/5 abigeme bazoba bamaze kwiyandikisha muri Miss Burundi USA 2018 nibo bazotorwamwo uwusubirira Miss Junelle ku ntebe y’ubwamikazi.

Abiyandikisha muri Miss Burundi USA 2018 ngo aka kanya bashobora gutangura kwiyandikisha nkuko itangazo ryashizwe ku rubuga rw’abategura ico gikorwa muri leta zunze ubumwe za amerika rivyerekana.

Abo biyandikisha ngo bategerezwa kuba bari hagati y’imyaka 18 na 30, bayandikisha ku mbuga zitandukanye zirimwo , www.indundi.com,  Reunion257 hamwe na Baho Inc .  Mu gihe mu mwaka uheze bari bavuze ko ari uguhera ku myaka 17 y’amavuko. Abiyandikisha bakaba bazobandanya biyandikisha gushika igenekerezo rya 15/5

Uwuzotorwa akaba azoba asubiriye Junelle Nimenya asanzwe akomoka muri Arizona yatowe ngo abe Miss Burund USA muri 2017 mu kwezi kwa 6.

Mu makuru yacu yo hanyuma tukaba tuzobamenyesha iyo Imyiteguro y’ico gikorwa igeze.

  Click here to  apply :    2018 Miss Burundi – USA Submission ends May 20, 2018

 

 

4,553 total views, 0 views today