Scroll to Top

Umutambukanyi wa Chameleon yibarutse inyuma y’ukwifotoza ari gusa

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 05 Apr 2018 07:46 AM / /

Chameleon n’umutambukanyi wiwe bibarutse umwana wabo wa 5 kuri uyu wa 4 igenekerezo rya 5 ndamukiza mu gihugu c’ubwongereza.

Daniella Atuma Mayanja hamwe  Dr Jose Chameleon uno musi mu gito ndo niho baronka umwana wabo wa gatanu bise XaraAmani Mayanja. Uyu akaba yavukiye mu gihugu c’Ubwongereza aho uwo muvyeyi wiwe yaramaze hafi ukwezi kwose.

Urwo rugendo rwavuyemwo ivuka ry’uwo mwana ryabanje gutera amatsiko benshi, kuko Dr Jose Chaemeleon yabihakana ko atarivyo ivy’uko umutambukanyi wiwe agiye kwibaruka ariko abamenyeshamakuru bo bakemeza ko arico kimujanye.

Muri urwo rugendo nyene rwamushikanye mu bwongereza uwo mugore wa Chameleon akaba yaranifotoje amashusho ari gusa, ayo akaba yari yashimye kwereka abamukurikirana ko akuriwe, mu gihe gito buca yibaruka. Ivyo bikorwa bikaba vyabereye muri ico gihugu nyene c’ubwongereza, amafoto akaba yafashwe n’uwitwa Avalon nayo amarangi yari yisize akaba yari yayasizwe n’uwitwa Ciara.

MasterLand

5,800 total views, 0 views today

Add Comment