;
Scroll to Top

#diaspora | Kaddy ngo niwe muririmvyi wa Hiphop yerekana akaranga k’igihugu

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 11 Apr 2018 02:28 AM / No Comments / 434 views

Akaranga k’Uburundi ngo niko kamuranga Kaddy Simba. Ivyo biheruka gushikirizwa n’umwe mu ba fans biwe.

Bugingo akirindiriye ko akaririmbo kiwe gashasha gasohoka, Kaddy yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook ati :”Ryohererwa ico muri, n’iyo mukomoka. #umurundi irabashikira vuba.”

Ayo majambo yanditse mu rurimi rw’icongereza akaba atagiye amazimayongo kuko hari abagize ico bamubwira kuri urwo rubuga nyene. Bamwe¬† bakaba bamusavye gufungura ibiribwa biboneka aha iwacu gusa, umukeke n’uburobe, ngo bikunde abe umurundi yuzuye.

Ariko hari n’abamuteye amashurwe bavuga ko ariwe yarakwiye kwitwa Umurappeur w’umurundi ngo kuko abandanya hayagiza igihugu kandi akerekana akaranga ndundi.

Man you are the best kuko ugaragaza akaranga kawe

Ayo mahjambo akaba yashizwe ahabona ku rubuga rwiwe rwa Facebook igenekerezo rya 22 ruhuhuma. Ayo yanditse akaba yaherekejwe n’ishusho yiwe ari hampande y’ibendera ry’igihugu.

MasterLand

Ako karirimbo kabonetse ubwa mbere ku rubuga rwiwe rwa Youtube igenekerezo rya 28 ruhuhuma. Ako nyene kakaba gaheruka kugomwa, gashirwa mu ndirimbo 20 zakunzwe ku rubuga indundi muri uku kwezi kwa 3, ubu kakaba kariko karonderwamwo indirimbo y’ukwezi kwa 4. Ako karirimbo nyene kakaba gaharurwa muri nke z’abarundi bari mu mahanga zabonetse muri urwo rutonde.

11,414 total views, 0 views today

Tagged as: