Scroll to Top

Imvubu zirakwiye gukingirwa

By Julien Barinzigo / Published on Thursday, 05 Apr 2018 23:35 PM / /

Aho bita kuri Camp Chinois mu Kabezi imvubu yaragonzwe n’imodoka ya Musitanteri wa Komine Nyanza-Lac ica irapfa.

Hari igihe c’isaha zitatu n’inusu z’ijoro kw’ibarabara Bujumbura -Nyanza-Lac aho bita kuri Camps Chinois mu Kabezi imvubu yariko igendagenda mw’ibarabara yagongwa n’imodoka ya Musitanteri wa Komine Nyanza-Lac, Ndiwimana Jean Claude, ica irapfa.

Iryo sanganya ryahitanye iyo mvubu ntamuntu ryakomerekeje kiretse imodoka yononekaye igice c’imbere.

Abaraba ibintu n’ibindi babona ko imvubu zikwiye gukingirwa amazi atarenga inkombe.Kw’igenekerezo rya mbere Ndamukiza, imvubu yaratembereye gushika mu gisagara.Ivyo vyaratangaje abantu na nyarirya imvubu iramutse ikomereka idasubira mu zindi.

Ikibazo kijanaye n’ugukingira ibidukikije harimwo n’imvubu womengo zirageramiwe carabajijwe n’abamenyeshamakuru mu kiganiro cabereye i Gitega igenekerezo rya 23 ntwarante c’abavugizi b’inzego zitandukanye.Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ibidukikije yari yijeje abariko barakurikira ico kiganiro¬† ko ingingo ziriko zirafatwa.

4,392 total views, 0 views today

Add Comment