Scroll to Top

Burundi:Abarundi bibutse Perezida Ntaryamira Sipiriyano

By Julien Barinzigo / Published on Friday, 06 Apr 2018 05:48 AM / /

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 6 Ndamukiza abarundi bari baramutse bibuka ”igandagurwa” ry’uwahoze arongoye Uburundi Sipiriyano Ntaryamira mu gihugu c’Urwanda aho indege yarimureruye na mugenzi we w’Urwanda Yuvinari Havyarimana irasiwe igira igwe ku kibuga c’i Kanombe.

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza arikumwe n’umutambukanyi wiwe, ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu , Yozefu Butore na Sindimwo Gasito hamwe n’abatambukanyi babo umukuru w’inama nkenguzamateka, Reveriyano Ndikuriyo,  umukuru w’inama nkenshingamateka, Pasikari Nyabenda hamwe n’abarundi   izinzi  baturuka mu buzi butandukanye no mu bisata bitandukanye  bitavye ibirori vyo kwibuka imyaka miringo 24  irangiye uwahoze ari umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira ”agandaguwe”.

Inkuka y’imisa yasomwe na Musenyeri mukuru Varisito Ngoyagoye .Yabariye abari aho ko iyo umuntu akora ikintu yizeye Imana giheza kigashoboka nka kumwe babarovyi bari baraye bararoba ariko ntihagire ico baronka.Ariko bamaze kwibonera kandi bakizera ijambo  rya Yezu Kristu  baciye buzuza urusenga.

Musenyeri Ngoyagoye Varisito ati:”Iyo ukoresheje amayeri yawe ntaco ushikako”. Mu kwitsa ijambo ry’Imana yarangije asaba abari ngaho gusaba Imana ngo ”ibara nkiryo ntirize risubire kuba atari mu Burundi gusa ariko mu bihugu vyose.

Bamwe mu bagize umuryango wa Perezida Sipiriyano Ntaryamira

Ku ntatemwe z’incungu za demekarasi, havugiwe ubuzima bwa nya kwigendera Sipiriyano Ntaryamira benshi bibukira kw’ijambo Discipline, indero, humviririzwa n’ijambo yashikirije umusi ashikira amabanga yo kurongora igihugu hatanguye gushira ingozi z’amashugwe ku ntatemwa ku ntatemwe ya perezida Sipiriyano n’abo barikumwe mu ndege umusi w’igandagugwa.

Discipline, indero nkuko uwahoze ari umukuru w’igihugu Siriveteri Ntibantunganya yagendanye n’uwo muhisi abisigura ngo ni ukubaha amategeko.Uko kubaha amategeko ngo niko kubuze kugirango imvururu zama mu Burundi zirangire.

 

3,944 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi promoted

Add Comment