Scroll to Top

Rayon Sports ifashijwe na Tchabalala itsinze Costa de Sol (3-0).

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 06 Apr 2018 12:03 PM / /

Kuri uno mugoroba w’igenekerezo rya 6 Ndamukiza, mu gisagaraca Kigali, Rayon Sports yakiriye Deportivo Costa de Sol yo muri Mozambique, mu rukino rw’igikombe ca CAF, Rayon Sports ikaba irangije itsinze ku bitsindo bitatu ku busa (3-0).

Intsinzi yabonetse ku kazi gakomeye kakozwe  na bamwe mu basore ba Rayon Sports ku busatirizi bw’uyo mugwi , harimwo Hussein Tchabala yatsinzemwo ibitsindo bibiri wenyene, ica mbere yatsinze kuri Penalty ku munota wa 44 w’urukino, yiyongera ikindi ku munota wa 83 w’urukino. Nayo igitsindo ca kabiri kikaba catsinzwe n’umukinyi Muhire Kevin.

Uyundi mukinyi w’umurundi yari muri urwo rukino, akaba atagize amahirwe y’ukururangiza, ni Pierrot Kwizera ku munota wa 79 w’urukino yaronse ikarata itukura ava mu rukino Rayo Sports ibandanya ikina abakinyi badakwiye.

Shassir Nahimana, Bon Fils Caleb ntibabonetse mu rutonde rw’abakinyi 18 bashizwe ku rutonde rw’urwo rukino kuko Caleb we yamaze guhagarikwa inkino zibiri n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika.

Rayon Sports ikaba izokina urukino rw’ugusubiriza mu kiringo c’indwi zibiri, hamwe yorengana kino gice, ryoba ribaye irya mbere uyo mugwi ushika ku rugerao rw’amatsinda mu nkino za Afrika.

15,164 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment