Scroll to Top

#Indundi Sports| Tambwe Amissi na mugenzi we Donald Ngoma ntibazokina mu rukino rw’igikombe ca CAF.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 06 Apr 2018 12:33 PM / /

Umusatirizi wa Yanga Africans, Tambwe Amissi  ntagikinye mu rukino rwo kuri uyu wa gatandatu,igenekerezo rya 7 Ndamukiza mu rukino c’igikombe ca CAF, ruzohuza Yanga Africans na Welayta Ditcha yo mu gihugu ca Ethiopia.

Tambwe Amissi hamwe na mugenziwe Donald Ngoma, bakaba bakuwe mu bandi bakinyi mu  rutonde rw’abakinyi bazokina ku munsi w’ejo. Bivanye n’uko batonekaye  ku mvune bari bagize iminsi bafise.  Bano bakinyi bakaba bakuwe aho Yanga Africans isanzwe  iri mu kwitegurira urukino rw’ejo.

Tambwe Amissi akaba amaze igihe kitari gito, yiziziwe n’imvune, ivyatumye muri iri hignwa ry’uno mwaka ataboneka mu kibuga.

15,126 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment