Scroll to Top

Umutima Foundation Academy ryaraye rirangije ivyigwa ku bamenyereza.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 08 Apr 2018 02:54 AM / /

Ishure ryigisha umupira w’amaguru ku bana bakiri bato, mu nttara za Bubanza na Cibitoke, ryaraye rirangije ivyigwa vyariko birahabwa abamenyereza mu kiringo c ‘indwi.

Kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika ku rya 7 Ndamukiza, ishure Umutima Foundation Academy ryariko ritanga ivyigwa ku bamenyereza . Ivyigwa vyatanzwe ku bamenyereza bagera kuri 13, basanzwe bakurikirana abana barikinamwo.

Ivyo vyigwa bikaba vyateguwe ku bufatanye bwa Umutima Foundation Academy n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu Burundi ( FFB).  Ivyigwa vyatanzwe mu ntumbero y’uguha ubumenyi n’akarngamutima k’abamenyereza nk’uko biri mu karangamutima k’iryo shure.

Alphonse Kanega asanzwe ari umuhinga mu nyigisho z’abamenyereza, akongera akaba n’umuhinga ku rwego rwa Africa ( CAF), ari kumwe na Daniella Niyibemenya ( umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu w’abigeme), bakaba bari mu batanze ivyo vyigwa.

Ikibazo canditse akaba arico catumye abo bamenyereza bahabwa impapuro zerekana ko batahuye ndetse bagiye gushira mu ngiro ivyo bize mu kiringo c’iminsi itanu.

Mu kiringo gito rino shure rimaze rikaba rimaze gukora ibikorwa bitari bike, harimwo ukwitabira amahiganwa ahuza amashure y’imipira y’amaguru ( Tournoi Inter Academy). Tutibagiye ko rinafise abakinyi mu mugwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 17, buca ukina ihiganwa rya CECAFA hano mu Burundi.

Ivyo biror bikaba kandi vyari vyatewe iteka n’uwuserukira imbere y’amategeko iryo shure umupfasoni Marie Ndabigeze ari kumwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu ntara ya Bubanza.

7,363 total views, 0 views today

Add Comment