Scroll to Top

Abarundi babiri mu bazohagarikira inkino za CECAFA U17.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 08 Apr 2018 03:23 AM / /

Kuva ku wa 14 Ndamukiza, mu gihugu cacu, hazotangura  inkino z’igikombe ca CECAFA ku bakinyi batarenza imyaka 17, ishirahamwe rya CECAFA ryashize ahabona abahagarikizi bazohagarikira izo nkino.

Abahagarikizi mpuzamakungu babiri b’abarundi nibo bashizwe ku rutonde rw’abo bahagarikizi. Georges Gatogato mu bahagarikizi bo hagati mu kibuga ( Referees) hamwe na Habimana Willy mu bahagarikizi bo ku ruhande ( Assistant referee).

Abahagarikizi indwi bo hagati nibo bashizwe ku rutonde nabo akaba ari: Georgees Gatogato ( Burundi)- Amanuallih Selase ( Ethiopie)-Israel Mpaima ( Kenya)- Willam OLoya (Uganda)-Sabri Mohamed Fadul ( Sudan)- Mohamed Nur Muhidin ( Somalia)- Alphonse Mwandembwa ( Tanzania).

Abahagarikizi bo ku ruhande akaba ari umunani:  Yatayew Belachew ( Ethiopia)- Habimana Willy ( Burundi)- Olivier Omondi ( Kenya)- Isa Masembe ( Uganda)- Hamid Ahmed ( Sudan)- Hassan Hussein Mao ( Somalia)- Mohamed Mkono (  Tanzania)- Mbaraka Haure (Zanzibar). 

Ibihugu vyose bizokwitba iryo higanwa uko ari umunani vyose bikaba vyaraserukiwe, mbere binahabwa abahagarikizi babiri, kiretse amazinga ya Zanzibar yahawe umuhagarikizi umwe wo ku ruhande.

8,293 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment