Scroll to Top

Haraye hagenywe abagize akanama k’ugushigikira Intamba mu rugamba.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 08 Apr 2018 12:51 PM / /

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru hano mu gihugu cacu, riherutse gushira ahabona amazina y’abagize akanama ko gufasha no guhagarikira ibikorwa vy’imigwi nserukiragihugu mu mupira w’amaguru ( Comite d’encadrement des equipes nationales de Football.)

Abashingamateka bagera kuri batatu bari mu bagenwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru. Barongowe¬† n’umushingamateka Claude Nahayo muri ako kanama, bahawe ibikorwa bitandukanye.

Umushingamateka Ngabonziza Gerard ari nawe agira kabiri, yahawe amabanga y’ugukwirikirana imigwi nserukiragihugu y’abakiri bato ( U17-U20-U23).

Umushingamateka Ndayizeye Gloriose yahawe amabanga y’ugukurikirana imigwi nserukiragihugu y’abigeme , akaba icegera ca kabiri muri ako kanama.

Kezimana Christophe nawe akaba ajejwe ukurondera ibikoresho n’ibindi vyankenerwa ku migwi nserukiragihugu yose y’umupira w’amaguru ( Logistique).

Hakaba hari hamaze ighe kitari gito haboneka ko imigwi nserukiragihugu, ikibuze abantu bajejwe ubuzima bwayo bwa minsi yose mu gihe iba yimirije amahiganwa mbere hamwe n’ukuyitegurira ingendo zo mu mahanga.

6,761 total views, 0 views today

Add Comment