Scroll to Top

#Urwevu| Uzokwame uzirikana ko umuntu agirwa n’abandi.Bizogufasha gushika kw’Isonga.

By Indundi Staff / Published on Monday, 09 Apr 2018 11:36 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Hako wokugurura akanwa kugira ngo uvuge nabi uwundi muntu vyokubera neza winumiye. Kuri ya nzira y’ukuja  kw’isonga twibaza ko wamaze gufata, hari impanuro zinyuranye abahinga batanga mu nzira z’uko woshika bitakugoye.  Abahinga babitohoje cane basanze ngo mu bituma umuntu ashobora gushika kw’isonga yiyemeje gushikako harimwo uruhara runini ku bijanye n’uburyo abanye n’abandi bantu.

Abaciye urwevu basanze ngo mu biteza imbere umuntu: ibice 85% bigizwe n’imigenderanire myiza aba afitaniye n’abantu, n’ukuvuga abagenzi, hama rero ibice 15% ngo n’ibijanye n’ubumenyi bwiwe.

Niho bishika koko ugasanga hari abantu bari basanzwe bafise ugushobora mu bwenge n’ibindi yamara ugasanga imigenderanire bafise n’abandi bantu ni mibi cane kuko usanga kenshi bafise akarimi kabi, akagaye ubwibone n’ibindi ugasanga ntaco baruhiye gushikako muri kazoza kabo.

Yamara ugasanga hari abandi mbere ata bwenge burenze bari bafise bw’ikirenga bwo mw’ishure  yamara agiye mu buzima agaheza ugasanga aho aciye hose batera amashurwe kubera ukumenya kubana n’abantu neza.

Ukumva uwama avuga abandi murikumwe, kizoba ari icemezo c’ukwizera ko nawe muvanye asigara arakuvuga. Kenshi ni abantu baba bafise ingorane zinyuranye maze bakumva mu kurondera inguvu zabo borondera kubanza gushira hasi abandi.

Uramwirinda nk’agasama!

8,847 total views, 0 views today

Add Comment