Scroll to Top

#Urwevu| Utemeye imisonga, ntiwoshika kw’isonga: Intimenya niyo ntinegura!

By Indundi Staff / Published on Monday, 09 Apr 2018 05:55 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe.

Aha rero ku nzira igana kw’isonga ry’umusozi wiyemeje kwurira muri ino myaka hagati ya 5 na 10 iri imbere, hari ibintu vyinshi utegerezwa kumenya. Ntavyera ngo dé! Uzoshika aho udebukirwa, ucike intege, abantu benshi baguhanure bakubarira ko wafashe inzira idashika.

Yamara uze wibuke uwu mwibutsa w’abasokuru” Bukebuke bushikana umusiba ku mugezi”. Wihweje ku vy’ukuri umusiba uko wikwega ugahura n’inzitizi zinyuranye woheza ukiyumvira icoba kiwutuma ushika ku mugezi. Naho ibikoko bitavuga, nta kindi kintu twibaza kiwutera kubandanya atari: 1.ukumenya ko hariho heza wifuza uzoshika, 2. Ukwizera ko uzoshiayo; 3. ukwemera kuriha agaciro bisaba.

Nawe n’uko nyene. Mu kiringo twizeye ko wamaze gufata intumbero, ahantu( umugezi) kw’isonga ushaka gushika, ugahumiriza ukahabona, bica bigusaba ukwizera gukomeye cane, kumwe kuzoshobora gutsinda imvura n’uruzuba, n’ibindi vyinshi muzohura navyo.

Abahinga rero baciye urwevu bamenyesha ko ari ngombwa ko mu kiringo umaze gufata ingingo y’ugushika kw’isonga ry’umusozi wiyemeje kurira mu myaka hagati 5 na 10 iri imbere, wicara ukihweza inyifato yawe ufise, ukiraba neza, ukiyumviriza maze umaze kwimenya ugaheza wewe nyene ukaba uribwira uti ndavye uko meze nshobora guhura n’inzitizi izi n’izi.

Nimba uri muri ba bandi iyo hagize akabagora baca birirwa basongoye umunwa, n’ugufungura ntibafungure, agatiro bakabura, aha abahinga baguhanura ko woca uhera aho nyene akaba ariho utangura gukosora. Amanyama arasara ntasaba! Emera ko hari aho uzoja bakagufata “nabi”, bakagufata minenengwe, bakagushinyaguriza, bakanagutuka,bakagutana n’iswhima.

Yamara rero, mu kiringo wamaze guca urwevu uzokwama na ntaryo wibuka ko ivyo vyose biri muri ca giciro wiyemeza kuzoriha kugira ushike kw’Isango. Abemera Yesu Christu bazokwibuka amabi yabonye yamara akumirako , mbere n’uwagira ngo amurwanire( umutumwa Petero) akamwiyamiriza kuko yari azi ko vyari mu giciro ategerezwa kuriha kugira ashobore gushika kw’isonga ry’aho yatumwe( ku bavyizera uko).

8,905 total views, 0 views today

Add Comment