Scroll to Top

Basketball: Urunani BBC rwaraye rutahukanye igikombe gitegura ihiganwa rya ACEBAB.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 09 Apr 2018 13:39 PM / /

Ku munsi w’Imana niho harangira ihiganwa ryatunganijwe mw’ihirahamwe ry’urukino rwa Basket Ball, hano mu  gisagara ca Bujumbura kugira ngo bugurure  ihiganwa ry’umwaka wa 2018.

Mu bagabo umugwi w’Urunani BBC niwo waraye utahukanye igikombe  nayo mu bigeme Berco Stars itahukana igikombe vyoroshe cane imbere ya Aigle Noir BBC.

Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma zabaye ku munsi wa gatandatu, mu bagabo , Kern ishika mu rukino rwa nyuma bitoroshe kuyemwo New Star ku manota 86-85. Urukino rwa kabiri rukaba rwahuje Gymkana bahuye n’Urunani BBC, rurangira ku ntsinzi y’Urunani  ku manota 84 kuri 71.

Urubanza rukomeye  rwabaye ku munsi w’Imana, mu bakobwa, Berco Stars iratsinda yorohewe cane Aigle Noir BBC ku manota 67 kuri 34. Urukino rwabaye igihe c’isaha zitatu z’agatondo (9h00).

Igihe c’isaha zitanu zirenga ( 11h00) niho hatangura urukino rwari rwitezwe n’abantu benshi cane, Urunani rwoorohewe kuva mu ntango z’urukino kuko gushika mu gice ca mbere vyari vyifashe uku  ( Urunani 28- Kern 14), baza kurangiza vyoroshe ku budasa bw’amanota icumi. ( Urunani 54-44 Keern).

Iryo higanwa rikaba ryarerekanye ko imwe mu migwi ihurikiye muri ACEBAB, yiteguye bikomeye kugira ize  yigenze neza mw’ihiganwa buca ritangura hano mu gisagara ca Bujumbura.

Imigwi umunani mu bagabo niyo igiye gutangura ihiganwa hano mu gisagara ca Bujumbura: Dynamo- Mutanga United- Urunani BBC- Kern- New Star- Muzinga- Ambassadors- Gymkana.

Mu bigeme hari imigwi ine: Berco Stars- Rumuri- Les Gazelles- Aigle Noir BBC.

10,533 total views, 0 views today

Add Comment