Scroll to Top

#diaspora | Babbi agiye gukorera amasanamu muri California

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 10 Apr 2018 05:22 AM / /

Babbi agiye gukorera amasanmu muri California muri leta zunze ubumwe bwa amerika.

Photo @facebook Babbi

Muri California niho umuririmvyi Babbi agiye gukorera amasanamu mashasha mu misi iza azoshira ahabona, Ivyo vyamenyekanye aho yaganira gato na mugenziwacu.

Amubajije igituma agiye gukorera muri Calfornia mu gihe asanzwe aba Arizona, uwo muririmvyi yishuye ko ariyo umuhinyanyuzi bagiye gukorana asanzwe aba. Aho mukamenya ko asanzwe akorera amasanamu yiwe aho nyene muri ico gihugu ca amerika n’abahinyanyuzi bakomeye cane.

Uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe yaheruka kumenyesha ko ariko arategura gushira ahabona amasanamu y’indirimbo yiwe nshasha aheruka gushira ahabona iririmbwe mu kirundi -Mbwira-, ivyabaye nk’imbonekarimwe kuri uwo muririmvyi kuko atawarabimuziko.

Ako karirimbo kakaba kazoba gasohorewe amasanamu mu gihe akaheruka gushirirwa ahabona masanamu ari Kikomando kasohotse hararaheze amezi arenga 6.

8,087 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment