Scroll to Top

Wolper aravuga igituma yahinduye uburyo yambara

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 11 Apr 2018 03:43 AM / /

Ugushira uburyo n’umwnaya mu mideri ngo nuko nawe yabonye ko abishoboye afatiye ku buryo yakoresha impuzu muri kahise.

Umunyamideri akaba kandi n’umukinyi w’amareresi Jackline Wolper yamenyesheje impamvu yahinduye muri kino gihe atakiboneka cane yambaye nkuko yamenyekanye cane yambara, aho hari kera agikina amareresi cane.

Mu Kiganiro The Playlist ca Times Fm muri Tanzania, uwo munyamideri yavuze ko avyambara rimwe na rimwe, ariko ngo ubu igituma yambara cane impuzu zo mu bitenge, ngo nuko asanzwe muri kino gihe afise iduka ridandaza izo mpuzu kandi akaba ari nawe azishonera.

Kubwiwe ngo aramutse abihagaritse kwambara izo mpuzu, uwo munyamideri avuga ko bitoba bijanye n’igikorwa akora, ngo aba ariko arimenyekanisha kw’isoko. Uwo akaba yanamenyesheje ko muri ino misi amaze akora, amaze kwambika ivyamamare bitari bike birimwo abanya Tanzania, abanya afrika y’epfo, abanya Nigeria co kimwe n’abanya Kenya.

Wolprer akavuga ko ybitanguye kuko yasanze ashira amafaranga menshi mu mpuzu kandi nka zose ariwe atanga iciyumviro c’uburyo zokorwamwo.

2,633 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment