Scroll to Top

Gitoro ngo ababa bavuye gusenga baba bafise akageso bisangije

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 11 Apr 2018 04:49 AM / /

Abasenga ngo nibikebuke kuko umusi wa mungu usa n’iyindi misi, akageso ko kugenda buzuye amabarabara babigabanye.

Gitoro n’incuti yiwe igize imisi iboneka cane ku rubuga rwiwe rwa Facebook

Gitoro ngo abarundi bavuye gusenga bafise akageso bari bakwiye kuraba bagahindura, ivyo aheruka kubishikiriza mu ka Video aheruka gushira ku rubuga rwa Youtube.

Uwo musore avuga ko iyo abarundi bavuye gusenga, ngo bagenda buzuye ibarabara, ngo nta wukibisa imodoka, ngo ntibanamenya nuko izo modoka zisanzwe zigonga umuntu akababara.

N’agashavu kenshi Gitoro akaba yavuze ko abo baba bavuye gusenga ngo bari bakwiye kwikubita agashi bakamenya ko umusi wa mungu ataco utandukaniyeko n’iyindi misi naho abantu baba bavuye gusenga kandi baba bumviwe.

Akaba avuze ku basenzi inyuma yaho avuze ku baririmvyi ngo bavuga ko bafise aba Fans benshi kandi no mu mazu babamwo batanabazi.

9,775 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment