Scroll to Top

Natacha yatanze ngo hatuzwe ingeso mbi zivurwa mu bigeme baja mu muziki

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 11 Apr 2018 05:22 AM / /

Natacha asaba abavyeyi gushigikira abana babo bafise ingabire z’ukuririmba, ngo kugira izo ngeso mbi bavuga bajamwo ntibazijemwo.

Mu gihe Natacha yari yahamagaye abamenyeshamakuru ngo abayagire ivy’ibiteramo ariko arategura ukora aho azozunguruka igihugu, yaraganiriye na Indundi Tv bagira vyinshi bayaze kuri ico giteramo.

Muri ico kiyago uwo muririmvyi yamenyesheje ko bikunze azoherekejwe n’ibinyamakuru bitandukanye kuko ngo ntaco yokora atabafise, aho akaba yanaboneyeho akaryo kubashimira kuba baramufashije mw’itunganywa ry’ivyo biteramo. Ukwinjira ngo akazoba ari amafaranga make cane, 2000 hamwe n’5000 gusa.

Uwo muririmvyikazi akaba kandi yanaboneyeho akaryo ko kuvunira akagohe abavyeyi ngo ntibankire abana babo b’abakobwa gukora umuziki, kuko ngo ari igikorwa mu bindi. Ahubwo akaba yabahamagariye kubafasha kuko ngo iyo umuri hagufi, ivyo bivurwa vy’ingeso mbi umwana ashobora kujamwo ngo ntaheza ngo abikore.

Natacha yanamenyesheje ko muri kahise nawe abavyeyi bigeze kumwankira gukora umuziki, ariko ngo ubu Nyina aricuza, ngo iyakamufasha imbere ubu aba ameze neza gusumba.

10,011 total views, 0 views today

Add Comment