Scroll to Top

Basketball| Sokoroza ngo ivy’ urugo ntibizomuhagarika gukina

By Editor / Published on Thursday, 12 Apr 2018 08:33 AM / /

Francis Sokoroza benshi bazi kw’ izina rya (Savuka) aherutse kwubaka urwiwe n’umwigeme Anniella Kadede ku wagatandatu(06)Ndamukiza

(04) 2018 i Kampala mu Buganda, ngo ntarota ahagarika ku dunda agapira.


Kiretse amagara amukitse canke imyaka imujanye mu Busaza Sokoroza ngo azoguma ari umukinyi yabigize umwuga.

MasterLand
Uwo mu geni mushasha akaba yarabaye rurangiranwa hano iwacu mu rukino rw’ amaboko Basketbalk , akaba na ntibagiranwa mu murwi News Star.
Savuka akaba yatanguriye urwo rukino mu murwi Miru mu mwaka wa 2004, akaba yamenyekanye cane muri New Star, Francis akaba yaratwaye ubushimwe bwinshi,aba MVP imyaka itatu eka na meilleur aillier imyaka ine .
Savuka akaba yahavuye yungururiza I manamba mu mwaka wa 2014 akinira umurwi KIU akaba amaze kandi kwizerwa n’umurwi Sharing ari nawo agiye gukinira.
Nayo umwigeme Anniella akaba yakiniye umurwi les Gazelle kuva mu mwaka 2000  ubu akaba abarizwa muri KIU mubugande. Indundi Sport ikaba ikeje urugo rushasha inifuriza abo bakinyi kubana akaramata.

9,053 total views, 0 views today

Add Comment