Scroll to Top

Spok’s ngo ibikorwa bishasha vyiwe ngo bigiye kuboneka

By KING YANN COOL / Published on Friday, 13 Apr 2018 05:00 AM / /

Acishije ku rubuga rwa Facebook,. yamenyesheje abakurikirana ibikorwa vyiwe ko yatanguye ifatwa ry’amasanamu y’uturirimbo Burundi na Ndakumbuye Iwacu.

Imwe mu ma foto amwerekana uko azoba ameze muri Clip

Mu gihe yaragize igihe asa n’uwuri mu gacerere, umuririmvyi Spok’s ku musi w’ejo yaramenyesheje ko ibikorwa vy’ifatwa ry’amasanamu y’uturirimbo Ndakumbuye Iwacu hamwe na Burundi bigeze ahameze neza.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo muririmvyi yashizeko Video irimwo amashusho atandukanye yerekana bariko barakora ayo masanamu hagati mu gihugu. Muriyo habonetsemwo ibibanza bitandukanye birimwo ku mashuha nkuko nawe nyene avyivugira muri iyo Video.

Uwo muririmvyi mu majambo yaherekeje iyo Video, yashimiye abashize uburyo muri ico gikorwa, akizeza abari banyotewe ivyiwe bishasha, ko boguma bari maso kuko igikorwa gishasha buca gishirwa ahabona. Spok’s yanashimiye umurwi Shalom Club uzoboneka muri ayo masanamu uriko uratamba intambo z’ikirundi.

Muri urwo rwandiko kandi yanamenyesheje ko urukurikirane rugira kabiri narwo azorushira ahabona mu gihe ca Vuba, urwo ngo rukaba rutangurirwa n’ishirwa ahabona ry’indirimbo ya mbere nayo izosohoka Vuba cane. Akaba ariko atagiye avuga igihe neza neza ivyo bikorwa bizobonekera.

10,436 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment