Scroll to Top

#indundi | Iry Tina buca yerekeza mu bufaransa

By KING YANN COOL / Published on Friday, 13 Apr 2018 05:56 AM / /

 

Iry Tina agiye kwegera igihugu c’ubufaransa neza neza ahitwa Toulouse kuhakorera igiteramo.

Mu gihe yaheruka muri Coree mw’isabukuru yari yatumiwemwo, umuririmvyikazi Iry Tina akaba agiye gukorera igiteramo ku mugabane wa burayi nkuko abandanya abitangaza ku rubuga rwiwe rwa Fcebook.

Uwo muririmvyikazi akaba ngo agiye gukorera ico giteramo mu gihugu c’Ubufaransa neza neza mu gisagara ca Toulouse, aho akazoba ari igenekerezo rya 30 ruheshi. Ukwinjira akazoba ari amafaranga y’amanyaburayi 10 (yababa 30,000 fbu).

Dj chento umwe mu ba Dj b’abarundi babigize umwuga kandi bakomeye ku mugabane wa buraya akaba ariwe aboneka ko azovuza umuziki uwo musi. Uwo akaba yarasanzwe azwi nka Dj Officiel wa Big Fizzo.

11,959 total views, 0 views today

Add Comment