Scroll to Top

CECAFA U17: Uburundi bwariteguye bikwiye mu kwakira inkino z’akarere.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 13 Apr 2018 07:40 AM / /

Uburundi buca bwakira inkino z’igikombe ca CECAFA ku bana batarenza imyaka icumi n’indwi; kikazohuza ibihugu bigera ku munani harimwo Uburundi bwatunganije iryo higanwa

Muri kano gatondo k’igenekerezo rya 13 Ndamukiza; niho abarongozi b’ishirahamwe rya CECAFA batunganya ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero y’ugushikiriza uko imyiteguro iriko iragenda:

Nicolas Musonye akaba umunyamabanga mukuru wa CECAFA; aremenyesha ko inyuma y’ukugenzura ibibuga bizokwakira izo nkino mu ntara za Gitega, Muyinga na Ngozi, biraboneka ko Uburundi bwiteguye neza kandi bwerekanye ishaka ridasanzwe mu gutegura CECAFA U17.

Kabaye akaryo ko kumenyesha ko ibihugu nka Uganda, Kenya, Somalia,  Sudan, Ethiopia, Tanzania, Zazimbar bimaze gushika hano mu Burundi mbere bakaba bamaze gushika mu ntara zo hagati, aho iyo migwi izokinira. Bikaba vyashizwe mu matsinda abiri :

A : Burundi; Ethiopia; Kenya; Somalia

B: Tanzania; Zanzibar; Uganda; Sudan

Muri rusangi akaba yashimiye abitanze cane kugira rino higanwa ritunganywe  harimwo ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, ishirahamwe rya CAF , abarongozi b’igihugu c’Uburundi hamwe n’abandi barwizatunga batanze Uburyo.

Urukino rwa  mbere rutegekanijwe hagati y’Uburundi na Kenya ku kibuga co mu ntara  ya Muyinga ku kibuga citiriwe Umuco.

9,408 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment