Scroll to Top

#Urwevu| Ukagendera kuri rino banga uzoshika kure cane.

By Indundi Staff / Published on Saturday, 14 Apr 2018 03:57 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga bamenyesha yuko kimwe mu bituma abantu badashika kure mu buzima ar’ukutamenya inguvu n’ubushobozi bafise. Abavyihweza neza inguvu z’umuntu basanze habura gato ngo zingane n’izo Imana ifise nk’uko tubisanga muri zaburi y’umunani ku basoma bibiliya.

Umuntu rero arafise ubushobozi aho ageza bw’ukurema mu gukoresha ubwenge n’ibindi vyose Imana yamuhaye maze agahingura ibihambaye birengeye ubwenge. Abatabizi bohava bibaza ngo abateye imbere n’ukubera boba bafise ubwenge burusha ubw’abandi. Haba namba! Gusa ubwenge baciye bwabaye ubw’ukumenya gukoresha inguvu bafise mu bwenge.

Imbere y’ukuja mw’ido n’ido ry’izo nguvu nkuko twama tubiyaga, aha twashatse kubaha ibanga rikomeye mwogenderako mwoshika kure cane. Umuntu muri bwa bubasha Imana yamushiramwo, arafise rero inkomezi z’ugutegeka uko ibintu bitegerezwa kugenda.( The Universal law of Command).

Kuri urwo rwevu rero uciye ibanga twagomba tukwibire n’iri: Igihe cose mu mutwenzi izuba ritaratamanzura, uvyutse uraheza utegeke umusi uwutegeke uko uza kukumerera. Ushobora kuraba amajambo ukoresha ufatiye ku musozi uriko ururira.

Akarorero:Maze ” uyu musi igenekerezo rya …. uje kuba umusi wa mbere ntibagiranwa mu buzima bwanje: umunezero, urukundo, amafaranga, ubutunzi,… biza kunzako bwa musesekara”

NB. Ivyo vyose uze kubisubiaramwo incuro zishoboka gushika aho utangura kuvyibonamwo nk’uko woba ubirimwo. Ivyo bica bifasha ka gatimatima ko mu bwonko bwawe ( Subconscious mind) gashikirwa maze kagatahura kagaheza kakanyaragasa kurondera gushitsa ivyo wategetse. Kandi wongere wumve ko amajambo uriko urarungika ataza kugaruka imbokoboko adashikanye ivyo wifuza. (Aha ku basomyi ba Bibliya bashobora kwongera kuvyo bavuza Isaie 55:11.)

Ugutangura umusi utabanje kuwutegura bisa nk’ukwinjira mu nzu y’uburiro utazi ico ushaka gufunga kandi vyongeye ntaho bitaniye n’ukwinjira mw’ishamba utazi. Uzobandanya imisi vyisi cane gushika aho bikunyengetera maze bikaba akamenyero

Winjira mw’ishamba utazi ugaca inkoni utazi.

Ukabona utagiriye kuri ino mpanuro ntuzogire ngo ntavyo namenye!

14,129 total views, 0 views today

Add Comment