Scroll to Top

#Urwevu| Ha gusaza ugaramye ku karago k’uwundi mugabo, wosaza ugaramye hasi!

By Indundi Staff / Published on Sunday, 15 Apr 2018 14:48 PM / /

 

Urugendo rugana kw’isonga

Mu bizima bw’umubiri , ukuba Imana yaraduhaye amaso y’ukubona biradufasha ibintu vyishi bigatuma dushika kuri vyinshi abatarose ayo mahirwe batoshikako.

Mu bijanye rero n’ugushika hejuru kw’isonga ry’imisozi naho turakeneye kandi kugira amaso, yamara aha tugakenera cane amaso y’umutima. Kenshi iyo tuja ntaho tuba dushobora kubona n’amaso y’umubiri yamara Imana yaraduhaye ubushobozi bw’ukuhabona n’amaso y’umutima.

Mu bijanye rero n’ugushika ku masonga(Succès) ayo maso y’umutima nayo ni ngombwa ngo tube tuyafise. Kugira dushike iyo tuja, dutegerezwa kuba dushobora kwugara amaso y’umubiri maze tukahabona dukoresheje amaso y’umutima-bwenge(imagination). Dutegerezwa kuba dushobora guhumiriza maze tukabona , tukibona uko tuzoba tumeze mu gihe dushitse ku masonga. Dutegerezwa kuba dufise ubwo bushobozi bw’ukugira iyo ndoto , tukabona iryo sanamu ata gasembwa.

MasterLand

Abaciye urwevu rero baduhanura ko buri musi, wokwiha umwanya maze ukarondera gutora iyo sanamu y’iyo ndoto. Yamara rero ntuje ngaho ngo utangure kurota ku murango! Mu kiringo uriko urarondera gutora iyo sanamu, ntiwibagire n’ukuguma uzirikana integuro ( plans) zose zishoboka ubo wokora kugira ushike iyo hejuru.

Webuke, utagiye urafata uwo mwanya ngo utunganye kazoza k’ubuzima bwawe, uzosazira gufasha gushira mu ngiro imigambi y’abandi, nabo baguhe umushahara( ikigumy’umushaha gusa). Uzoba wase kurimira kure, mugabo uzosazira kuhasumira, uzosazira kugererwa. Usaza ugaramye ku karago k’uwundi mugabo kandi vyari gushoboka mu kiringo ugitunzwe n’umushahara ko utegura uko nawe uzoba ugerera abandi.

Ca Urwevu ntihararengerana!

6,354 total views, 0 views today

Add Comment