Scroll to Top

Natacha yakiriwe nk’umunyecubahiro mu ntara ya Makamba

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 14 Apr 2018 05:10 AM / /

Umuririmvyiazi Natacha yakiriwe nk’umunyecubahiro mu giteramo aheruka gukorera mu ntara ya Makamba.

Itangura ry’urugendo ruzomushikana mu ntara zitandukanye z’aha Iwacu ryagenze neza. Intara ya Mbere Natacha yakoreyemwo igiteramo ni intara ya Makamba, aho hakaba hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 13 ndamukiza,ibirori bikaba vyabereye muri New Aston Villa.

Uwo muririmvyi ataramenyerewe hagati mu gihugu, yakiriwe nk’umunyacubahiro muri iyo ntara aho imodoka yarimwo yarihagatiwe n’ama moto atariĀ  make, eka abantu bobo bari batamariwe baraba uwurenganye, abari ku maguru bo bari benshi cane.

Inyuma y’ivo giteramo co kuri uyu wa 13 ndamukiza, uwo muririmvyikazi akaba aza gukorera ikindi giteramo mu ntara ya Rumonge ahitwa kuri Pyramid Bar ku mikeke. Mu ndwi iza urwo ruhererakane rukaba ruzobandanya gushika igenekerezo rya 23 ukwezi kwa 6 mu ntara ya Bubanza.

14,885 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment