Scroll to Top

Miss Erica ngo ariko ategura bishasha

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 14 Apr 2018 06:12 AM / /

Ikindi gikorwa gishasha kiva kwa Miss erica gishobora kuba kiri mu nzira nkuko yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Facebook. 

Umuririmvyikazi Erica Irakoze bensho bazi nka Miss Erica yashize hanze ku rubuga rwiwe rwa Facebook ishusho iherekejwe n’amajambo yerekana ko ariko arategura gushira ahabona ibikorwa bishasha.

uwo muririmvyi muri kino gihe atazi kuguma hamwe kubera ibikorwa bitandukanye ariko arakorera mu bihugu nk’Uburundi, Uganda n’Urwanda, akaba aheruka kwakirwa muri Label ya Kiwundo isanzwe ikorera cane i Bugande. Iyo nzu ikaba ari nayo ishibora kuba iheruka kwakira abanyarwandakazi Charly na Nina inyuma ya Muyoboke kubarekura.

Uwo muririmvyikazi ako karirimbo ariko arakora akaba atabashije gushikiriza akazina kako, ariko amakuru indundi ifise nuko uwo muririmvyikazi ashobora kuba ari i kampala mu bikorwa vy’umuziki nyene.

mwomenya ko akaririmbo yaheruka gushira ahabona ari akaririmbo Imamvu aho yagakoranye n’umugandekazi Sumi Crazy.

15,285 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment