Scroll to Top

CECAFA U17: Inkino zabaye kuri uno w’Imana.

By Alain Muhirwe / Published on Sunday, 15 Apr 2018 12:34 PM / /

Inyuma y’urukino rw’ugurura ihiganwa ry’imigwi nserukirabihugu ku bakinyi batarenza  imyaka icumi n’indwi; rwabereye ku kibuga co mu ntara ya Muyinga; kuri uyu w’Imana, inkino zabandanije

Inkino  zitatu nizo zari  zitegekanijwe ku bibuga  bitatu nyene .

I Ngozi: Somalia- Ethiopia zahuye  igihe c’isaha y’icenda n’igice (15h30); urukino rurangira ku ntsinzi ya Ethiopia ku bitsindo bibiri kuri kimwe ca Somalia.

I Gitega : Sudan – Zanzibar rwari rutegekanijwe  igihe c’isaha y’icenda n’igice ( 15h30), rukaba rutabaye kuko habaye ikibazo kuvyerekeye abakinyi b’umugwi wa Zanzibar.

I Muyinga: Uganda – Tanzania zakinye  igihe c’isaha y’icenda n’igice ( 15h30); iyi migwi ikaba yarangije inganije igitsindo kimwe ku kindi (1-1).

Inkino zikaba zizohagarara ku munsi w’ejo; zikazosubira ku munsi wa kabiri. Aho Uburundi buzogaruka mu kibuga, inyuma y’aho buttsindiwe mu rukino rwa mbere rw’ugurura

1,525 total views, 0 views today

Add Comment