Scroll to Top

Agahogo ka mugoroba n’umurya w’ igitari vya se amuvyara nivyo vyatumye Kaddy nawe aririmba.

By Editor / Published on Sunday, 15 Apr 2018 14:36 PM / /

 

Kubwimana Adrien benshi bazi kw’izina rya “Kaddy Simba”umuririmvyi afise amamuko hano iwacu mu ntara ya Bujumbura, ukurimba kwiwe vyamuka kuri Se amuvyara.

Kaddy akaba yakuze abona iyo bugorovye se amuvyara atora igitari akikora mu gahogo, nawe amaze kwigira haruguru a ahitamwo kuririmba mu ntumbero yo kwigisha, kwiryohera no gutahuza ko kahise kabi ka muntu katomuca intege ahubwo ko muha inguvu.

MasterLand

None Kaddy yoba ari nde?
Umusore w’inryamunyu yavukiye mu misozi ihanamiye igisigara ca Bujumbura, yarukira i Muyange muri Nyanzalac aho yamaze imyaka igera kuri 7 ahakurwa murwimo rwo mu mwaka ya za mirongo icenda rwamushikanye mu kambi y’impunzi y ‘ Imutabira muri Tanzania.
Abavyeyi biwe bakaba bamwise Kubwimana Adrien urunganwe rwiwe rumwita “Adi”.
Adi akaba atahereye I Mutabira gusa kuko inyuma y’ imyaka 10 yahavuye yungururiza ku mugabane w’ America, ari naho yitiwe izina “Simba” risigura igikoko Camuka muri Afica.
Mu mwaka wa 2008 muri Etat ya California,Simba akaba yaciye atangura gusohora indirimbo yiwe yambere.
Simba yaciye yiyita akazina kubuhizi afatiye kw’izina Adi eka nurudome rutangura izina ryiwe Kubwimana aronka” kadi” amaze kurihinyanyura aca yitwa “Kaddy “.
Kaddy Simba akaba ari umuririmvyi mu mudiho wa Hip hop yitanga kandi akora aja imbere akaba ageze ku ndirimbo zishika kuri 30 yakoranye n’abaririmvyi batandukanye akaba ariko ategura urukurikirane rushasha.

3,829 total views, 0 views today

Add Comment