Scroll to Top

Shassir yasubiye mu rutonde rwa Rayon Sports rugana mu gihugu ca Mozambique.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 16 Apr 2018 04:15 AM / /

Umukinyi w’umurundi Shassir Nahimana yasubiye mu rutonde rw’abakinyi ba Rayon Sports, inyuma y’ugusigwa mu rukino rwabereye muri Afrika y’Epfo; bahura na Mamelodi Sundown mu kwezi kwa Ntwarante.

 

Mu rukino rutegekanijwe ku wa 16 Ndamukiza mu gisagara ca Maputo, mu ntumbero y’urukino rw’ugusubiriza n’umugwi wa Costa de Sol, mu gihe urukino rwa mbere  rwarangiye ku ntsinzi ya bitatu ku busa(3-0 ).

Muri runo rutonde ntidusangamwo abakinyi babiri b’abarundi Pierrot Kwizera na Bon Fils Caleb bahagaritswe bivanye n’ikarata itukura yahawe Kwizera  Pierrot  mu rukino rwa mbere mu gisagara ca Kigali. Bon Fils Caleb, nawe yahawe ibihano na CAF vyo guhagarikwa inkino zibiri, inyuma y’ugukina nabi mu gihugu  ca Afrika y’Epfo.

Hamwe Rayon Sports yorengana umugwi wa Costa de Sol yoca ija mu gice c’amatsinda mu gikombe ca CAF.

 

 

1,958 total views, 0 views today

Categories : homepage
Tagged as:

Add Comment