Scroll to Top

Ishirahamwe PDP Company riramenyesha uturusho ryazaniye abadandaza

By Janvier Nzokurigomba / Published on Monday, 16 Apr 2018 05:40 AM / /

Haraciye imisi ishirahamwe ryunguruza ibidandazwa rikoresheje itereni hamwe n’ubwato rishitse mu gihugu cacu n’uturusho tudasanzwe tujanye canecane n’igiciro c’ukwunguruza ivyo bidandazwa, umwanya bimara mu nzira, umutekano wavyo n’ibindi.

Mu kiganiro aheruka gushikiriza indundi magazine, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe PDP Company (Partnership Development and Production) David Nyandwi yamenyesheje ko iryo shirahamwe ryaje kugira ngo rikemure ibibazo vyose vyari bikunze gushikira abandandaza basanzwe bakura ibidandazwa vyabo hanze y’Uburundi bakoresheje ama kamyo, ivyahora bibatwara umwanya munini mu nzira kandi ku mudandaza umwanya ari amafaranga, ibijanye n’umutekano wavyo, eka hatibagiwe n’akunguko kari ku giciro bo barihisha ugereranije n’ayo bahora bariha ku makamyo.

Ku kibazo kijanye n’umwanya ibidandazwa vyahora bimara mu nzira bizanywe n’amakamyo, umuyobozi mukuru Nyandwi David ashikiriza ko ico cakemuwe kera muri PDP Company kuko bo bunguruza ivyo bidandazwa bakoresheje itereni hamwe n’ubwato, aho ngo kuva i Dar-Es Salaam gushika ku kivuko ca Bujumbura ari imisi itanu itarenga ntirenguke (kuva Dar Es Salaam gushika Kigoma ari urugendo rw’imisi ine nayo kuva Kigoma gushika ku kivuko c’i Bujumbura umusi umwe) mu gihe amakamyo yo yashobora kuhagenda indwi zibiri canke zirenga, ibidandazwa bikanazimira rimwe rimwe canke bikajanwa ahandi kuho biba vyagenewe kujanwa.

Akandi karusho PDP Company itanga ngo n’uko umudandaza arihira umuzigo wiwe aruko iryo shirahamwe rimaze kuwushikana ku kivuko c’i Bujumbura, aho uwo muyobozi yemeza ko akarusho uwuba yabahaye umuzigo wiwe iryo shirahamwe ngo riwumutwarire kari hagati y’amafaranga y’amanyamerika amajana indwi n’igihumbi yunguka kuyo yahora ariha akoresheje amakamyo.

Si ivyo gusa, umuyobozi mukuru Nyandwi David amenyesha kandi ko umutekano ari wose mw’iyunguruzwa ry’ivyo bidandazwa na rirya yaba amatereni ndetse n’ubwato usanga hari abajejwe umutekano baherekeza, bigatuma ibidandazwa vyabo bishika mu mutekano ntangere. Eka n’impanuka ngo ntibazibagiye kuzikingira aho iryo shirahamwe ngo ryavyihweje maze rigaheza rikagiriranira amasezerano n’amashirahamwe akingira ibidandazwa yo mu gihugu kibanyi ca Tanzania (compagnies d’assurances).

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe PDP Company arangiza ahamagarira abadandaza bose ahereye kuri Reta y’Uburundi na rirya ngo ariyo mu “importateur” wa mbere, kwijukira gukorana n’iryo shirahamwe rimwe mu Burundi kugira ngo baharonkere ubwo burusho butandukanye.

18,952 total views, 0 views today

Add Comment