Scroll to Top

CECAFA U17: Imigwi ya Zanzibar na Ethiopia yafatiwe ibihano.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 16 Apr 2018 06:11 AM / /
photo FFB

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu karere ko hagati n’ubuseruko bwa Afrika (CECAFA), ryafashe ibihano bikomeye ku mugwi nserukiragihugu w’amazinga ya Zanzibar na Ethiopia ku migwi y’abatarenza imyaka icumi n’indwi.

Amazinga ya Zanzibar yagirizwa ko yazanye mw’ihiganwa abakinyi barengeje imyaka  mbere vyanatumye urukino rwari rutegekanijwe  kuri uyu w’Imana mu ntara ya Gitega rwasivye hagati ya Zanzibar na Sudan. Ingingo rero zafashwe akaba ari zino:

  • Amazinga ya Zanzibar yakuwe mw’ihiganwa rya CECAFAU17 ririko rirabera hano mu Burundi, isabwa kuriha amatike y’indege yazanye uyo mugwi hano mu Burundi, hamwe n’ukuriha uburaro bw’aho bari bamaze iminsi bari hano mu Burundi.
  • Bahagaritswe umwaka wose mu bikorwa vya CECAFA; bakazotanga amahera angana n’igihumbi n’amajana atanu  vy’amadolari (1500USD).

Igihugu ca Ethiopia naco kikaba cahanishijwe gukuramwo  abakinyi batatu barengeje imyaka bakanurizwa indege ibasubiza iwabo. Kino gihugu kikaba catswe amanota atatu, inyuma y’ urukino bari bahejeje gutsinda umugwi wa Somalia ibitsindo bibiri kuri kimwe (2-1).

Izindi nkino zisigaye gukinwa zizohora zitangura igihe c’isaha icenda hako zotangura isaha icenda n’igice nk’uko vyari vyashizwe ku ntonde za mbere.

3,944 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment