Scroll to Top

Masudi Djuma ngo hari ico adashima ku bakunzi ba Simba na Yanga Africans.

By Alain Muhirwe / Published on Monday, 16 Apr 2018 11:39 AM / /

Icegera c’umumenyereza wa Simba Sports  Club; Masudi Djuma ngo hari bimwe adashima ku bakunzi b’imigwi ibiri yo mu gisagara ca Dar es Salam isanzwe ikebana.

Aganira na kimwe mu binyamakuru co mu gisagara ca Dar es Salam, ku  kanya gato amaze mu mugwi wa Simba Sports Club; hari bimwe ashima cane umwumvikano mu bamenyereza b’umugwi. Aremeza kandiko ashima umwumvikano yashize hagati y’abakinyi n’abamenyereza.

Masudi Djuma ngo hari ivyo adashima na gato ku bakunzi b’imigwi ya Yanga Africans na Simba Sports Club,

Hari ukuzomerana hagati y’abakunzi b’iyo migwi iyo bariko barakina inkino mpuzamakungu za Afrika, iyo nka Simba Sports Club uriko urakina n’uyundi mugwi ; abafana ba Yanga barayizomera hama ukiyumvira ko ari imigwi usangiye igihugu ukabura. Iyo tugiye gukinira ku bindi bibuga mpuzamakungu dusanga abakunzi b’umugwi tugiye gukina biteguye bikomeye ; ariko twebwe hano siko  bimeze na gato.”

Masudi Djuma akaba agiye kurangiza ihiganwa rya Vodacom Premier League; ari mu kibanza ca mbere, akaba yaje kumenyereza Simba nk’icegera avuye muri Rayon Sports, aho yaravuye atanze igikombe c’ihiganwa rya Azam Premier League mu gihugu c’Urwanda.

 

6,499 total views, 0 views today

Add Comment