Scroll to Top

Tchabalala arizeza intsinzi abakunzi ba Rayon Sports

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 17 Apr 2018 01:44 AM / /

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Ndamukiza mu gihugu ca Mozambique mu gisagara ca Maputo hategekanijwe urukino rwo gusubiza rwa CAF confederation Cup ruza guhuza umugwi Costa de Sol hamwe n’umugwi Rayon Sports wo mu Rwanda .

Umusatirizi w’umugwi Intamba mu rugamba asanzwe akina muri uyo mugwi Hussein Shabani Tchabalala arizeza intsinzi abakunzi b’umugwi Rayon Sports. Mu kiganiro gito yagiranye na indundi Sports Tchabalala yavuze y’uko yiteguriye urwo rukino nk’uko yiteguye mu rukino rwo gutangura agasubira akavuga y’uko aza gukora ibishoboka vyose kugira afashe umugwi Rayon Sports gushika kure akizeza itsinzi abakunzi b’umugwi Rayon Sports.

Tchabalala agira ati : “Nditeguriye urwo rukino rwo gusubiza nk’uko niteguriye urukino rwo gutangura rwabereye i Kigali nzokora uko bishoboka kugira mfashe umugwi wanje Rayon Sports nkaba nizeza intsinzi abakunzi b’umugwi Rayon Sports”.

Mukibuka ko urukino rwo gutangura rwabereye i Kigali, Rayon Sports yatsinze Costa du Sol ibitsindo 3-0 habayemwo ibitsindo bibiri vy’uwo musatirizi akomeye w’Intamba mu rugamba Hussein Shabani Tchabalala .

4,989 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment