Scroll to Top

Baho Sanaa Arts group baherutse gushira ahabona ireresi ibica bigacika

By La Rédaction / Published on Tuesday, 17 Apr 2018 13:28 PM / /

Umugwi usanzwe ukina amareresi ndundi mu gisagara ca Bujumbura “Baho Sanaa Arts” uherutse gushira ahabona ireresi ibica bigacika “Ni umuntu nk’abandi”.

Ireresi yataziriwe ” Ni umuntu nk’abandi” ni ireresi yuzuyemwo umubabaro n’agahinda kenshi ikaba iherutse gushirwa ahabona n’umugwi usanzwe ukina amareresi mu gisagara ca Bujumbura ariwo “Baho Sanaa Arts group”.

Amissi asanzwe aramutswa uwo mugwi yatuganiriye ko iyo reresi ije itavyorosha na cane cane mu gutanga impanuro ku bantu bakunze gufata nabi, ugukumira n’uguturubika abantu bagendana ubumuga kandi ari abantu nk’abandi ndetse bashobora n’ugushika kure mu gihe baba barose ubufasha.

Bwana Amissi agira ati ” Iyi reresi ‘Ni umuntu nk’abandi’ yuzuyemwo umubabaro n’agahinda kenshi kuvyo Fafa yakoreye musazawe Mike yari asanzwe agendana ubumuga hamwe n’aho amwihakana mu bandi ko batavukana, aramufata nabi gushika n’aho agera ku rugero rw’ukumugurisha ku bagizi ba nabi ngo bamwake ubuzima kubw’amaronko ariko Imana irakinga arashobora guca mu vyara vy’ingwe”.

Amareresi ndundi hamwe n’udukino dutwenza mushobora kubikurikirana muciye aha http://nihotv.com canke mukadukurikirana kuri Facebook page “Burundi movies& comedies” canke mukaja kuri YouTube yacu “NIHOTV Burundi”.

12,452 total views, 0 views today

Add Comment