Scroll to Top

Diamond yasubiye mu minwe y’igipolisi

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 17 Apr 2018 09:57 AM / /

Diamond Platnumz ku musi w’ejo yaraciye mu minwe y’igipolisi ngo abazwe ivy’ama Video yashize ku rubuga rwa Instagram aganisha mu busambanyi.

Ku musi w’ejo umuririmvyi Diamond ngo yari mu minwe y’igipolisi mu gihugu ca Tanzania, uwo akaba ngo yari yafashwe no abazwe ku bijanye n’ama video yari yashize ku rubuga rwiwe rwa Instagram.

Ayo video aryorezwa ngo yayashizeko ari 2 atandukanye kandi akaboneka arikumwe n’abakobwa bari mu bihe bidahumuriza. Uwo muririvmvyi akaba yahavuye rero ashirwa imbere y’abajejwe umutekano ngo bikunde abazwe icabitumye. Muri ayo ma Video ya akaba yabonetse arikumwe na Mobeto umwe mu bigeme bavyaranye.

Mwomenya ko muri Tanzania Ubutegetsi buri mw’isekeza ry’ugutuza inyifato mbi ziboneka ku mbuga ngurukanabumenyi, zirimwo ukwiyambika ubusa n’amashusho aganisha mu busambanyi ashirwa kuri izo mbuga.

9,678 total views, 0 views today

Add Comment