Scroll to Top

Umugwi ukina amareresi “ALCAL” uriko urategura igiteramo c’agakura

By Janvier Nzokurigomba / Published on Thursday, 19 Apr 2018 02:17 AM / /

Umugwi “ALCAL” usanzwe ukina amareresi n’udukino dutwenza mu gisagara ca Bujumbura uratumira abakunzi bawo mu giteramo c’agakura kizoba kuri uyu wa gatandatu uza igenekerezo rya 21 Ndamukiza umwaka w’2018 igihe c’isaha umunani z’umuhingamo kuri “Lycée Reine de la Paix de NGAGARA”.

Batuganirira, abagize uwo mugwi “ALCAL” batumenyesheje ko ico giteramo bagiteguye inyuma y’ukumara imisi babisabwa na bamwe mu bakunzi b’ibikorwa vyabo na canecane abanyeshure aho ngo babasavye ko bogitegura muri iyi misi ya vuba bakiva mu buruhuko ivyirwa bitaratangura gushuha kugira baze baronke akaryo keza k’ukucitabira ku bwinshi.

Niko rero guca bahitamwo uwo musi wa gatandatu uza, igenekerezo rya 21 Ndamukiza, kikazobera muri karitiye ya Ngagara kw’ishure ryitiriwe umwamikazi w’amahoro “Lycée Reine de la Paix”, aho ukwinjira azoba ari nko ku buntu, amafaranga y’amarundi 500 ku bana batoyi nayo ku bantu bakuze akazoba ari igihumbi kimwe, eka umuntu ngo akazoshobora n’ukuhivunira akanyota.

1,609 total views, 0 views today

Add Comment