;
Scroll to Top

#Diaspora | Kadja Nin mu bazotanga amanota mw’isabukuru ry’amareresi rya Cannes mu Bufaransa

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 19 Apr 2018 08:01 AM / No Comments / 375 views

Kadja Nin nawe yashizwe mu gitigiri c’abazotanga amanota mw’isabukuru ry’amareresi rya Cannes mu bufaransa.

Jeanine Rema azwi cane nka Kadja nin (ryavuye muri “Ka Jeanine”) umuririmvyikazi w’umurundi, yashizwe mu gitigiri c’abazotanga amanota mw’isabukuru ry’amareresi rya Cannes mu bufaransa. Uwo akaba ari mu nkehwa z’abagore bashirwa mu bibanza bikomeye muri iryo sabukuru, nkuko amakuru dukesha BBC abishikiriza.

Iryo sabukuru rikaba ari rimwe mu masabukuru y’amareresi akomeye cane isi ifise gushika ino saha, kuko hatanakirwamwo amareresi ayariyo yose. Kadja Nin akaba yashizwe mu gisata gikomeye kuko ari mu bazotanga amanota ku wuzoronka agashimwe ka mbere. Hampande yiwe hakazoba hari umunyamerikakazi Kristen Stewart (“Sils Maria”), hamwe n’umufaransa Léa Seydoux (“La vie d’Adèle”), abo bakazoba barongowe na Cate Blanchett.

Uwo muririmvyikazi akaba azwi cane mu ndirimbo nka Sambolela, iyo ikaba iri mu rukurikirane yakoreye ku mugabane wa buraya amaze kwimukirayo, inyuma y’ukurangiza amashure yiwe muri Congo, hama akubakana n’umubirigi Jacky Ickx. 

Jeanine Rema canke Jeanine Ntiruhwama akaba ari umukobwa wa Jean Ntiruhwama uwahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ku ntwaro y’umwami Mwambutsa wa 4, Akaba yavukiye mu Ntara ya Gitega.

14,570 total views, 0 views today

Tagged as: