Scroll to Top

#Indundi Sports|CAN U20 :Intamba mu rugamba zirakira Ethiopia ku munsi wa gatandatu.

By Alain Muhirwe / Published on Thursday, 19 Apr 2018 13:06 PM / /

Umugwi nserukiragihugu  w’intamba mu rugamba ku bakinyi batarenza mirongo ibiri, buca bakira umugwi wa Ethiopia mu rukino rwo gusubiriza , mu gikombe ca Afrika ku batarenza imyaka mirongo ibiri (U20).  Urukino rutegekanijwe ku kibuga citiriwe Urukundo mu ntara ya Ngozi.

Umugwi wa Ethiopia ukaba wamaze gushika hano mu Burundi , mbere ukaba wamaze kwerekereza mu ntara ya Ngozi ,aho urwo rukino ruzobera.  Abahagarikizi bakaba bamaze gushika hano mu Burundi.

Urukino rwa mbere rukaba rwari rwarangiye ku ntsinzi y’intamba mu rugamba ku bitsindo bibiri ku busa.

 

 

9,788 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment