Scroll to Top

Big Fizzo mu kibanza ca 3 muri Top 10 ya Trace Mziki

By KING YANN COOL / Published on Friday, 20 Apr 2018 06:53 AM / /

Big Fizzo n’indirimbo ziwe zibiri ziheruka gushirirwa ahabona amasanamu, ariko akora ibitangaza haba ku mbuga ngurukanabumenyi co kimwe no mu mboneshakure mpuzamakungu.

Mu gihe akaririmbo kiwe kamaze imisi irenga gato 14 gashizwe ahabona, Big Fizzo ku rubuga rwiwe rwa Youtube aharura incuro zirenga 60, 000 indirimbo yiwe “Ni wewe ” bamaze kuyiraba. Iyo ndirimbo ikaba yakurikiye iyindi nayo imaze amezi arenga gato 2 ishizwe ahabona iyo nayo akaba ari “Konzi” nayo isigaje gato gusa igakwiza incuro 100.000 imaze kurabwa kuri urwo rubuga.

Izo ndirimbo ntiziriko zifata neza kuri urwo rubuga gusa kuko mu binyamakuru vyubahwa muri kano karere nka Trace Mziiki ziriko zirerekanwa cane, iyo ikaba ngo iheruka kuja muri 10 zakunzwe, ica ifata ikibanza ca 3 nkuko Big Fizzo yabishikirije ku rubuga rwiwe rwa Facebook ku musi wa 3.

Big Fizzo akaba yaranamenyesheje ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko ibikorwa vyiwe ariko arakora, atangaza abantu ariko abitegura mu gacerere atawe abwiye. N’ubu ibitari bimwitezeko tukaba dushobora kuvyitega ukuri kwamye.

 

4,521 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment