Scroll to Top

CECAFA U17: Uburundi burangirije ku ntsinzi ariko busezera ihiganwa.

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 20 Apr 2018 08:56 AM / /
                                                        Photo FFB

Mu rukino rwa nyuma rwo mw’itsinda mw’ihiganwa rya CECAFA ku batarenza imyaka icumi n’indwi; intamba mu rugamba zitsinze igihugu ca Ethiopia ku gitsindo kimwe ku busa (1-0).

N’ubwo Uburundi bwatahukanye intsinzi imbere ya Ethiopia, ntibubashije kubandanya ihiganwa kuko bwafashe ikibanza ca gatatu mw’itsinda rya mbere. Mu kibanza ca mbere harimwo Somalia n’amanota indwi; Kenya n’amanota ane , hakurikira Uburundi n’amanota ane ariko n’umwenda w’ibitsindo bitatu.

Ibihugu nka Kenya na Somalia  bikaba bironse uburenganzira bw’ukubandanya mw’itsinda rya mbere; hakaba harindiriwe ibihugu bibiri mw’itsinda rya kabiri rigizwe na Sudan, Tanzania na Uganda.

9,983 total views, 0 views today

Add Comment