Scroll to Top

Uturirimbo dushasha twa Lolilo tugomba gususa n’utwaho hambere

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 21 Apr 2018 05:42 AM / /

Uturirimbo tubiri Lolilo yashiriye ahabona amasanamu, dusa n’utwo yari yararirimvye muri kahise.

Mu gihe yaheruka gushira ahabona akaririmbo gashasha haraheze ikiringo kidashika ukwezi, Lolilo yasubiriye gushira hanze akandi karirimbo hanze.

Ako karirimbo akaba yashize ahabona kakaba kakozwe n’umuhinyanyuzi O Farcy asanzwe ariwe agize igihe amukore amasanamu yiwe. Ako nako akaba ari akaririmbo Final.

Hampande yako, uwo muririmvyi akaba amasaha makeya imbere gato yari yasohoye ayandi masanamu y’akaririmbo, biboneka ko bashobora kuba kakorewe muri Afrika y’epfo aho aherukayo. Ako nako kakaba kiswe Nyumviriza.

Utwo turirimbo twose twashiriwe ahabona amasanamu Ku musi w’ejo Ku rubuga rwa YouTube rw’uyo muririmvyi tukaba dufise isano ya tumwe mu turirimbo twiwe twaho hahise, aho ni nka Nyumviriza igomba gusa na Ibuka, hamwe na Final isa na Final yakoranye na Hope Irakoze.

15,168 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment