Scroll to Top

T Max buca ashira ahabona akaririmbo yakoranye na Nay wa Mitego

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 21 Apr 2018 07:42 AM / /

Akaririmbo ka T Max na Nay wa Mitego ngo buca gashirwa ahabona.

Mu gihe akaririmbo tunatwanga na kupepeta kamaze amezi abiri gasohotse, T Max ariko yitegurira  gushira ahabona akandi karirimbo kiwe gashasha.

Ako karirimbo uwo muririmvyi buca ashira ahabona akaba ari ako yakoranye na mugenziwe wo muri Tanzania, Nay wa Mitega. Ako karirimbo hakaba hataramenyekana igihe kazoshirirwa ahabona.

Agace k’iyo ndirimbo kakaba kamaze gushirwa ahabona, ako kakaba katanguye kuboneka ku rubuga rwa Facebook rwa T Max ku musi wa gatanu.

16,397 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment